Par ce mercredi 19 septembre 2012 à 15 : 07 : 11
Ivyo n’ibisanzwe kandi birumvikana kuko atawufatanya ibumba n’ivyuma.Léonce afise umugambwe wemewe n’amategeko,Rwasa na Murwengezo ntamugambwe bagira kandintamugambwe witwa ADC-Ikibiri ubaho.Igikunda nuko abo bose badafise aho batonda bagashaka kwinyegeza mu Kibiri niba vyabananiye gushinga imigambwe yabo nibaje muri Frodebu yoy ifise cadre légal.
Nibatange abantu babo ariko ntikizobuza ko bavuga ko babivye kuko na Prosper Ntahorwamiye yari umu Frodebu adahobahoba ariko nticabujije ko bamwegekako inkono ishushe ko yariye igiturire.
Par EWE BURUNDI URABABAJE ce mercredi 19 septembre 2012 à 17 : 33 : 21
Umuntu yokwibaza iyo Politique y’i Burundi iva niyo ija ?
None abantu barakenyeye bate ubwoko biyita abagabo ? Abanyagihugubarakwiye guhaguruka bakarondera abashingantahe iyo barengeye kuko mu Burundi bisigaye bigoye kumenya uwo umuntu yokwizera !
Ubwo bukunzi bw inda buzobata mu muriro udahera kandi hasigaye igihe gito abo mubesha ngo muraserukira bakabahinyura.
cfr
Par Weah Mzalendo ce mercredi 19 septembre 2012 à 19 : 14 : 03
Iyo CENI twibaza ko iyaryo yose izojaho izoba mukwaha kwa Leta kuko kwigenga i Burundi biteye bitituka kuva aho umukuru w’igihugu atorewe wenyene ibiringo bibiri kandi bikaba biboneka ko atakirahinduka.
ADC ikibiri murabona ko yari kuba une force kugira itange icizere kubashaka ihinduka canke kubohoza abatwarwa mu migambwe ku nguvu nayo nyene iraboneka ko itariko irashira imbere ineza ya opposition hanyuma tukabona neza ko turiko turasubira mu nzego z’umugambwe umwe.
Ikimenyetso ntikiri kure aho bimaze kuboneka neza ko uwo mugambwe uri mu kwaha hanyuma mbere n’ikoraniro kaminuza rikagirwa n’abanywanyi benshi bari muyindi migambwe ariko bakigira aba porona
Aha nta cizere ko CNDD izohava ahubwo yotoza ari umugambwe umwe canke mbere ironke amajwi arenga kure ayo yaronse mu matora aheruka.
Iyi ni inyindi nzira yo kwitwaza demokarasi mugushiraho inzego z’agahotoro nk’uko tubibona mu bihugu bitari bike haba muri Afrika canke ahandi. Ikibabaje ni uko iyo batsinze bidaciye muri izi nzego twagiyemwo za demokarasi, ntibazokorera ababatoye kuko ni igikenye cinyegeje mu majwi kuko hari abahimirizwa kuja muri iyo migambwe canke mbere bababwirwa ko bakurwa mu buzi kubera batatoye amakarata. Aha rero dukuyemwo ubusuma bw’amatora. Ibi ni bimwe bisubiza inyuma demokarasi i Burundi
Ikindi ni uko ata migambi y’iterembere iboneka kuko igihugu camaze imyaka irenga 13 yisamburirako, ntakirakorwa kugira abanyagihugu baronke akoyoko. Na budget ijanye n’imigambi y’iteramber eiguma igabanurwa.
Par MAHINYU ce jeudi 20 septembre 2012 à 14 : 04 : 23
ABA FNL MWIHAGARAREKO IMANA IRIKUMWE NAMWE NAGOMBA NKEBURE IBITAZI GO FNL NTIYEMEWE NAMATEGEKO IYEMEWE NIYAHE IMBERE YOKUVUGA IBINTU MAZE MURABE UKURI AHO KURI UMUNTU ARAKURA NTAGIRE IJAMBO.
Par MUHETO ce jeudi 20 septembre 2012 à 14 : 08 : 59
IVYAMATORA MUKWIRIYE KUVYITONDERA NIMBA MUGOMBA GUSHIRAHO CENI NTIHAGIRE UWO MUKUMIRA LEONCE TURABASAVYE MWUMVIKANE NABO MURIKUMWE MUBONA IBINTU BIKORWA NIYO RETA BIMEZEGUTE NIMWICARE HASI MWIYUMVIRE MURI ADC IKIBIRI MUTIBAGIYE UMUGAMBWE FNL
Par CNDD FDD ce jeudi 20 septembre 2012 à 14 : 51 : 33
NAGOMBA KUMENYA MUGIHUGU KIRIMWO INTWARO IMBEREYE YUKO ARI UGUFUNGIRA ABANTU UBUSA NUKWICA NUKUBUZA IYINDI MIGAMBWE GUKORA NIMBA BAGIYE MWISHAMBA GOBAKUREHO INTWARO YAGAHOTORO BARIKEBUKA NTIBIZOHAVE BIMERA NKUKO BABIKOZE
Par TUZOMUTORA ce lundi 24 septembre 2012 à 18 : 37 : 02
Kombona dutega amashi abazungu aribo badufasha ; ariko ngirango nibitabo bandika ntimubisoma. Ariko abantu barabafasha hanyuma ngo ntimuheze musome nivyo baba banditse. None ko mbona ivyo abo badufasha bandika muri za jeune afrique ko mbona bitandukanye nivyo muba muriko muravuga : ngo igihugu kimeze nabi, ko mbona bandika yuko uburundi buriko burahindura ibintu vyinshi mugihugu ; ko hariho ibintu biriko birakorwa vyiza.
Turabasavye ntimudusubize mungwano abotwabuze twarabuze.
Jewe ntayindi ngwano nshaka. abavyeyi banje babiciye umusi umwe nabotuvukana n’imiryango , nsigaye nirebanga.
Iyo mvuka hose nzobabwira batore umugambwe uri kubutegetsi abapfuye barapfuye ariko nasigarany imiryango myinshi hirya nohino mumapropvinsi menshi on est famille elargi mais personne n’a mit le pied sur le banc de l’école. Kandi jewe ntamugambwe n’umwe ndimwo. Je sympatisant de FDD CNDD kuko nkunda ibikorwa vyabo. Abo bantu bose bo mu miryango ninababwira nkaba sensibilisa ntihazobura amajwi yinjira agera kumajana ane nijewe ndi umutware mu miryango yacu . Agatumba mbako konyene harimwo abomumuryango bagera kumajana abiri. Muyiindi province hari ijana ,muyindi 150, muyindi 150. Aborero nabo noibuka. Donc kugatwe kiwanje hazoba hiyongereye nkamajwi amajana atanu. Hakagira nkabandi bameze nkanje bakagira gutyo. he bazoba batsinze.
Kugasozi mbako ntanakimwe muzohacura ; ko bose ni abanje. Nomubundi busozi bwo muzindi ntara zigera nka zitatu kuko bose ni amaraso yanje abobose ndabatwara. None abobose muzogirango nabafashe kunguvu kandi ari abnje ari abantu tubana neza ivyo babonye babonye ingene bishe uimuryango wanje wose. hari uwokongera kubabwira ngo tora abandi.
|