Radio-Télévision Isanganiro

Amagerehade 4 yatewe mu gisagara ca Bujumbura, abantu 8 bakomeretse


Abantu bagera ku munani bakomeretse batewe gerenades n’abagizi ba nabi batamenyekanye ku musase wo kur ‘uno wa kane mu gisagara ca Bujumbura.

Ayo magerenade ane yatewe mu bibanza bitandukanye ; hafi y’ishirahamwe ryo kubitsa no kuguranana MUTEC; kw’ishami ry’ibanki BANCOBU mu gisagara hagati no hafi ya station aho bita kwa KATIKATI.

Inyuma y’ivyo bitero; igipolisi kikaba caciye gikora ibikorwa vyo gusaka imidokari z’abacivile mu gisagara; kuko ngo abateye ayo magerenade ngo bari mu mamodokari yo mu bwoko bwa TI.

Iterwa ry’amagerenade ntirivugwa gusa mu gisagara ca Bujjumbura; rikaba rimaze kuba no mu ntara za Ngozi na Kirundo.

Quitter la version mobile