Radio-Télévision Isanganiro

Abamenyeshamakuru ba Radio Isanganiro bibuka ukwezi guheze iradiyo yabo ituriwe


Kuri uyu wa Mungu, Radio Isanganiro yari ikwije ukwezi ituriwe n’abantu bari bambaye impuzu z’igipolisi n’izisanzwe, hari kw’igenekerezo rya 14 rusama 2015, inyuma y’aho kw’igenekerezo rya 13 rusama hari umurwi w’abasirikare wari watangaje ko wakomboye intwaro ya Prezida Petero Nkurunziza.

Mu nyuma y’aho abamenyeshamakur baratswe uburenganzira bwo kwinjira mu kigo c’iradiyo yabo.

Hambavu ya Radio Isanganiro, ayandi maradiyo yigenga, Radio Bonesha, RPA, Télé-Renaissance nayo nyene yari yaturiwe. Imbere y’aho, kw’igenekerezo rya 13 ku musi w’iryo tembagaza ry’ubutegetsi, radio Rema y’umugambwe uri ku butegetsi nayo nyene yari yaturiwe, n’abikekwa ko boba ari abashatse gutembagaza ubutegetsi.

Reta y’Uburundi ibandanya yerekana ko idashaka kwugurura ayo maradiyo no guhohotera abo bamenyeshamakuru bakorera ayo maradiyo yitwa ko ari ay’abakeba.

Kw’igenekerezo rya 12 ruheshi, umushikirizamanza mukuru wa reta yamùenyesheje ko studio y’ishiramahwe ABR yuguruwe inyuma y’ukwezi n’igice yari yugawe, ariko aca amenyesha ko amaradiyo Bonesha, RPA, Isanganiro, Renaissance hamwe na Humuriza n’abamenyeshamakuru bayo batemerewe gukoresha iyo studio. Ivyo bikerekana ingene Reta ishaka kurenganya bamwe igakunda abandi bavuga ivyo ishatse.

Quitter la version mobile