
Mugihe muri ino minsi hibonekeza imibu myinshi mugisagara ca Bujumbura, hari uburyo bushasha bwo kurwanya malaria hakoreshejwe ibiterwa dusanzwe twirimira bivamwo nk icayi, amasabuni yo kwoga, amasabuni yo kwisiga n ibindi vyose birwanya imibu. Ivyo tubishikirizwa na Samson ndikumana ari mwishirahamwe ACECI ryishinze guhingura no gukwiragiza ivyo biterwa mu Burundi bwose.




