Radio-Télévision Isanganiro

Abantu barenga 30 bishwe muri izi ndwi 2 ziheze: Anschaire NIKOYAGIZE


Ivyo biharuro bitangwa n’ishirahamwe rigwanira agateka kazina muntu Ligue Iteka. Anschaire NIKOYAGIZE arongoye iryo shirahamwe ashikirizako ubuserukizi mu Burundi bw’ishirahamwe ONU bwo buvugako abantu barenga 60 bishwe mu ndwi 3 ziheze. Uyo arongoye Ligue Iteka, amenyeshako abantu bababa 200 aribo bamaze kumenyekana ko bishwe kuva mumpera z’ukwezi kwa 4 aho umukuru w’igihugu yamenyeshako azosubira kwitoza mukibanza c’umukuru w’igihugu.

Quitter la version mobile