
Ivyo biharuro bitangwa n’ishirahamwe rigwanira agateka kazina muntu Ligue Iteka. Anschaire NIKOYAGIZE arongoye iryo shirahamwe ashikirizako ubuserukizi mu Burundi bw’ishirahamwe ONU bwo buvugako abantu barenga 60 bishwe mu ndwi 3 ziheze. Uyo arongoye Ligue Iteka, amenyeshako abantu bababa 200 aribo bamaze kumenyekana ko bishwe kuva mumpera z’ukwezi kwa 4 aho umukuru w’igihugu yamenyeshako azosubira kwitoza mukibanza c’umukuru w’igihugu.




