Burŭndi : aho hāmbere amajāmbo băkorēsha mu kurāta ubwîzá n’úbutǒre bw’úmwǐgeme

    0
    408

    Aho hambere, abarundi barakoresha amajambo hamwe n’imvugo zitoroshe gutahura. Hari ayerekana ubwiza bw’umwigeme, uko abamwitegereza bamubona. Hari kandi n’izindi mvugo bakoresha ngo barate ubutore bw’umwigeme bafatiye ku bikorwa vyiwe, ingeso zamuranga n’umutima wiwe. Jean Claude Bizindavyi ariko aranonosora indimi z’ikirundi n’igiswahili aratuyagira amwe muri yo.

    Amajambo yaranga ubutore bw’umwigeme

    Mu Burundi, bari bafise uko barata umwigeme bivanye n’ukungene yigenza. Nk’ uko Bizindavyi abitwiganira, bakoresheje nk’iryungane « umutima uruta umutumba » baba bashaka kwerekana ko afise urukundo rwinshi ruruta uko angana wese. Uwo mwigeme yaba akunda abandi, akongera akabitwararika cane kandi akaba afise umutima w’ igishika.

    Igihe naho yaba yitaho ibitungwa, nk’inka, agaca icarire, akazisasira aho zirara, eka mbere akitaho kenshi kuzigaburira, bamwita « Karire K’inyana ». Iyo mvugo yarerekana rwose ko muvyo yitwararika cane, ibitungwa bitasigara inyuma.

    Hari n’ayandi majambo wasanga akunda gukoreshwa ku mwigeme nka « Tiro ry’inka », bigasigura ko umwigeme yaba aciye bugufi, yishurana urupfasoni, kandi atavugira hejuru. Iyo bavuze naho ko umwigeme ari « Inka n’imirima », yaba ari  umwigeme atekereje, adakorakoza. Bamugereranya n’inka iragiwe ku muvumba iruhande y’imirima ariko igatekereza ntihurumbire kuja kona. Ni ukuvuga ko uyo mwigeme mu butekereji n’ubwitonzi bwiwe ntiyonona.

     Ubwiza bw’umwigeme

    « Amaso nk’inyana » ni ijambo n’ubu rigikoreshwa mu kuvuga ubwiza bw’umukobwa. Jean Claude Bizidamvyi arasigura impamvu. Agira ati: “Umwigeme mwiza w’amaso manini bamugereranya n’inyana y’inka ikivuka, kuko iba ifise amaso meza, ateze neza, ateye igomwe.”

    Ahandi naho bavuga ngo « asa n’irirenga » ni ukuvuga izuba. Iyo ririko rirarenga, ritakibabaza, rizana irindi bara ritamanye ku mutaga. Rizana umuco usa n’inzobe, uca ibibatsi. Uyo mwigeme rero bamugereranya n’uko kuntu izuba rirenga risa neza.

    Amajambo arata ubwiza ashobora kandi kuba afitaniye isano n’ibiterwa. Aha twovuga nka « nzobe y’ikimonge » ryavugwa ku mwigeme afise inzobe. «Ikimonge », nk’uko bivugwa na Jean Claude, bwari ubwoko bw’igiterwa c’ikigori gifise intete z’ibara ritukura kandi kibereye ijisho. Bavuze uko baba bagomba kuvuga ko afise inzobe ikeye cane.

    Eka mbere n’ubwirabure bwararatwa. Bavuga bati « bwirabure nka nanda ». «Nanda » naco nyene cari ikigori ariko c’intete zirabura kandi ziyagayaga. Uwo mwigeme rero yaba ateye igomwe ku buryo uwamwitegereza wese yamushima kubera ubwirabure bwiwe wasanga bumubereye. Ndetse no muri iki gihe ca none iryo jambo riracakoreshwa.

    Hari abakunda kuvuga ko umwigeme mwiza « asa n’ayo kw’iteke ». Ivyo bisigura ko asa n’amazi atagira agatosi, ni ukuvuga ko uyo mwigeme afise isuku ry’umubiri niryo ivyambarwa vyiwe. Nayo, « Juru rya kugwa », wasanga akundwa cane, umusore wese amwitegereje yaramugomwa ugasanga aronderwa na benshi yamara se bikamugora guhitamwo uwomutahira.

    Kumenya imvugo zakoreshwa aho hambere bifise akamaro ntangere. Ni imvugo ziryohoye, zituma tumenya ikirundi atari akazuyazi, ikirundi c’ abakera. Nakare bavuga ngo “uwutayaze na se ntamenya ico sekuru yasize avuze”. Birakenewe rwose ko tumenya neza ururimi rw’ikirundi mu kwegera abakurambere, kugirango tuzorurage abana bacu, abuzukuru n’abuzukuruza.

    LAISSER UN COMMENTAIRE

    S'il vous plaît entrez votre commentaire!
    S'il vous plaît entrez votre nom ici