Ntimuje narwo : ivyavuzwe vyose kuri rusehabaniha zatanzwe sivyo !

0
256
Isanamu y'ikinyamakuru Jimbere yo ku wa 3 Rusama 2025. Yerekana rusehabaniha zatanzwe n’ibanki y'isi ibicishije ku bushikirangaji bw'amagara y'abantu no kurwanya sida mu mugambi wo kugwanya ikiza covid 19

Muri kino gihe igihugu c’Uburundi gisa n’ikitarabana ryiza n’igihugu c’Urwanda, bamwe mu bakoresha imbuga hwaniro baboneraho gutangaza amakuru y’ibinyoma. Uwiyita Patriote257 ku rubuga x, hari amakuru avuga ko leta y’Uburundi yatanze rusehabaniha zaguzwe n’amafaranga y’abenegihugu. Akabandanya amenyesha ko ivyo biri uko mu gihe abanyarwanda bo iyo barwaye baciyunguruza hakoreshejwe inderuzo.

Tugize umwihwezo dusanga irimwo amakemwa atari make. Muti kuki?

  1. Uravye neza amafoto yakoreshejwe biraboneka ko yavomwe ku kinyamakuru Magazine Jimbere. Ivyo bikerekanwa n’akarango (logo) k’ico kinyamakuru kari kw ‘isanamu hejuru mu buryo nkuko mu vyibonera hano hepfo.
  2. Dukoresheje ubuhinga bwo gusuzuma inkomoko y’amasanamu (image inverse), twasanze iyo nkuru bayihinduye bayikuye kuvyashikirijwe n’ikinyamakuru Magazine Jimbere ku wa 3 Rusama 2025. Ico kimenyesha makuru kimenyesha ko, ibanki y’isi ibicishije ku bushikirangaji bw’amagara y’abantu no kurwanya sida yatanze rusehabaniha zingana 50 mu mugambi wo kugwanya ikiza covid 19. Muri iyo nkuru bakamenyesha ko umushikirangaji Lyduine Baradahana arongoye ubwo bushikiranganji yashimiye ibanki y’isi yose kuri iyo mfashano.
  3. Uravye neza iyo nkuru imvo nyamukuru yayo ni ugushira akariro mu migenderanire itari myiza iri hagati y’Uburundi n’Urwanda. Imvo twovuga ko ari iyo gusomborotsa. Akabazo umuntu yokwibaza ni aka : mbega mu Burundi hatanzwe rusehabaniha ivyo bihuriye he nivyoba bikorerwa mu Rwanda ?
  4. Ivyo birabonekera kandi mu ma commentaires yakwirikiye iyo nkuru aho abatari bake bavuganye agashavu mbere n’amajambo atari meza arajamwo. Ivyo rero bigatuma vyunyura imigendaranire ivyo bihugu yari isanzwe icumbagira kuva muri 2015. Uburundi bukagiriza Urwanda gucumbikira abashatse gutembagaza ubutegetsi mu 2015. N’imbibe zihuza ivyo bihugu zikaba zugaye ku gice c’ Uburundi
Mu Rwanda niho honyene hoba hagikoreshwa inderuzo?

Oya ntawobivuga uko. Igihugu c’Urwanda n’igihugu c’Uburundi ni ibihugu bisa n’ibivukana. Bivuga ururimi rugomba gusa. Uwuvuga ikirundi n’uwuvuga ikinyarwanda bose barumvana neza cane. No mu buhinga bubafasha gukemura utubazo usanga ubutari buke babusangiye. Ivyo gukoresha inderuzo mu kunguruza abagwaye ni uburyo bumwe mubukoreshwa haba mu Burundi canke mu Rwanda. Iyo uriko uragendagenda hagati mu gihugu urabona abifashishije ubwo buryo. Ubona ko ahaba abantu hose hadashika amabarabara yocamwo rusehabaniha.

Dusigarane iki?

Amajambo atari make arakoreshwa mu gusomborotsanya iyo hari kutumvikana hagati y’imigwi ibiri. Muri kino gihe rero imbuga hwaniro zinariha agafaranga iyo ivyo zashikirije birabwe canke bikavugwako n’abantu benshi(commentaires), hari ababa bipfuza gukamisha inkuru zitari zo. N’ukubanza kuraba neza imbere yo kwemera inkuru, ukabanza ukaraba  neza ko atari uruhendo.

Menya Neza : iyi nkuru yanditswe mu mugambi wa La Benevolencija Grands Lacs “Vrai Ou Faux” wo kugwanya ibinyoma n’imvugo zica ivutu zica hirya no hino mu binyamakuru no ku mbuga hwaniro.

LAISSER UN COMMENTAIRE

S'il vous plaît entrez votre commentaire!
S'il vous plaît entrez votre nom ici