Igipolisi cananiwe no kwirukana abanyeshure bari imbere y’inyubakwa z’ubuserukizi bwa amerika

    0
    593


    Ku mutaga wo kur’uno wa kane nk’igihe s’isaha zitandatu aho abapolisi baja gukura ku nguvu abanyeshure ba kaminuza y’Uburundi bagera ku 600 bamaze igihe bacumbitse imbere y’ubuserukizi bwa Leta zunz’ubumwe bwa amarika.

    Aho hakaba hari inyuma y’amasaha 24 bari bahawe n’igipolisi c’igihugu ngo babe bahavuye ; ariko kaba akamizwe n’ingoma. Igipolisi kihashitse cabategetse kuhava baranana ; gica kibaha iminota 30 yo kwiyumvira ; uruhigi ruca rurahindukira.

    Niko guca burira uruhome rw’uruzitiro rw’inyubakwa z’ubuserukizi bwa Leta zunz’ubuùwe bwa amerika ; abandi baca munsi y’urwo ruzitiro baca bahungira mu kigo ; abapolisi baca barataha.

    Mwomenya ko abo banyeshure bari birukanywe mu bigo vya kaminuza bagirizwa ko baja mu myiyerekano yo kwiyamiriza ukwitoza ubugira gatatu kwa Petero NKURUNZIZA mu matora y’umukuru w’igihugu ; baca bagana ubuserukizi bwa Leta zunz’ubumwe za amerika basaba ubuhungiro mur’ico gihugu.

    LAISSER UN COMMENTAIRE

    S'il vous plaît entrez votre commentaire!
    S'il vous plaît entrez votre nom ici