
Kuri uyu wa Mungu isaha imwe n’igice yijoro mu Burengo mu gisagara ca ngozi haratewe grenade mu bunywero abantu bane baca barahasiga ubuzima, abasahika mirongo itatu nabo barakomereka harimwo cumi bababaye cane, ubu bakaba bariko bavurirwa mu bitaro bikuru vy’I Ngozi.
Amakuru ava muri komisariya yigipolisi mur’iyo ntara yemeza ko abantu batatu bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza. Tukiri ayo nyene mu buraruko bw’igihugu mu ntara ya Kirundo havugwa iyindi grenade yatewe ikomeretsa umuntu umwe gushika ubu akaba atawuramenya abatera ayo magrenades nintumbero yabo.
Mu gisagara ca Bujumbura naho umuntu umwe yakomerekejwe n’uwurongoye position y’igipolisi ku Musaga mu gitondo co kuri uyu wa mbere, mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura.
Amakuru atangwa n’abari aho ivyo vyabereye avuga ko abapolisi bari bagiye gusaka hanyuma baca bahura n’urwaruka rwari mu myiyerekano, ari naho baciye batana mu mitwe.

