Umumenyeshamakuru w’iradiyo ijwi ry’amerika yaraye atewe gerenade

    0
    1399


    Hari kur’uyu wa gatatu igihe c’isaha imwe y’umugoroba igihe urugo rwa Diana NININAHAZWE umumenyeshamakuru wa Radio Bonesha n’ijwi ry’amerika rwaterwa gerenade n’abantu batamenyekanye ; turi muri quartier Jabe ya Komine Bwiza muri ya Mairie ya Bujumbura. Iyo grenade nta muntu yahitanye ; umume,yeshamakuru Diane NININAHAZWE akamenyesha yibaza ko abakoze ico gitero ar’abashaka kumutera ubwoba ngo ahebe umwuga wiwe wok u menyeshamakuru ; ariko ngo ntarota awuhagarika.

    Ico gitero ku ngo z’abamenyeshamakuru kikaba kibaye ica kabiri ku aho hahakiwe itembagazwa ry’ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA kw’igenekerezo rya 13 Rusama uno mwaka. Igitero ca mbere kikaba cabereye muri komine Musaga ku rugo rw’umumenyeshamakuru wa RPA Léonce NIYONGABO aho abapolisi bateye ivyuka vyokera mu nzu yiwe babicishije mu ma dirisha gushika aho abana biwe babiri babura impwemu. Bakaba batabawe n’abakozi bw Crois Rouge babatwaye mu bitaro kugira babarabure.

    Mwomenya ko abamenyeshamakuru barenga ijan bamaze guhungira mu mahanga kuva kw’iginekerezo rya 13 Rusama ; abakiri mu gihugu nabo bakaba baba mu kinyegero kugutinya kugirirwa nabi bazira ko amaradiyo bakorera yavugishije abashatse gutembagaza ubutegetsi.

    LAISSER UN COMMENTAIRE

    S'il vous plaît entrez votre commentaire!
    S'il vous plaît entrez votre nom ici