Ku nama yo ku wa 23/05/2021 : ubukene n’iduga ry’ibiciro ry’ibifungurwa n’ibindi vya nkenerwa

    0
    9478

    Isukari iramaze igihe itaboneka neza. Aho ibonetse naho, uwuyikeneye ahabwa ikiro kimwe kitarenga. Ihinguriro ry’isukari SOSUMO ryo, ntirihengeshanya kuvuga ko rimwe na rimwe umwimbu uba wifashe neza.

    Ibindi twovuga ni ibikoresho vya nkenerwa vya misi yose nk’ibikoresho vyo kwubaka. Twovuga nk’isima nayo nyene biboneka ko igiciro cayo kibandanya kiduga. Ku mufuko umwe ugizwe n’ibiro 50, igiciro cemewe n’amategeko, ni amafaranga 24.500. Ariko ku masoko usanga rimwe na rimwe umufuko w’isima ushobora kurenza 30.000.

    Rimwe na rimwe, ukutubahiriza ibiciro, bihora vyibonekeza no ku binyobwa vya BRARUDI. Eka no ku bindi bifungurwa vya nkenerwa, aha twovuga nk’ibiharage, ibigori, ibiraya, ibitoke, eka n’ibindi.

    Ivyo biciro biboneka kandi ko biduga ku bidandazwa vyimburwa hagati mu gihugu eka no ku vyinjira bivuye hanze y’Uburundi.

    None ni izihe mvo zituma ivyo biciro biduga canke ibidandazwa bimwe bimwe bitaboneka ?

    Ku bidandazwa naho nk’isukari itaboneka neza, ingorane iri hehe ?

    Inzego zijejwe kwubahiriza ibiciro ziriko zikora iki ?

    Hakwiye iki kugira ngo hubahirizwe ibiciro vy’ibidandazwa eka mbere no kuri ivyo vya nkenerwa vya misi yose bikena kugira ngo ubuzima bw’abarundi bwisununure ?

    Nivyo dushimikirako muri kino kiganiro n’abatumire batatu aribo :

    1. Chrysologue Mutwa, umuyobozi mukuru ajejwe ubudandaji mu bushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu amahinguriro n’ingenzi

    2. Pierre Nduwayo, umukuru w’ishirahamwe ABUCO, riharanira agateka k’abaguzi

    3. Faustin Ndikumana, arongoye PARCEM, akaba anariserukira imbere y’amategeko, ishirahamwe rikangurira abarundi guhindura ingendo

    LAISSER UN COMMENTAIRE

    S'il vous plaît entrez votre commentaire!
    S'il vous plaît entrez votre nom ici