Abategetsi mu ntwaro no mu gisirikare vya Congo boba bariko bahungisha imiryango y’abo kubera M23 igira ifate Uvira ? Iyi ni inkuru adakwiye kwizerwa.
Ivyo tubisanga mu nkuru zigize imishi zivugwaa ku mbuga hwaniro. Nk’akarorero urubuga rwiyita “Ukuri Kunywanisha Online TV” bavugako abategetsi mu gisirikare ca Congo bari muri Uvira hamwe n’abandi bategetsi hamwe n’abagwizatunga bariko bahungira mu Burundi mu gisagara ca Bujumbura.
Baravuga kandi ko mu makambi y’igisirikare c’Uburundi ari ku butaka bw’Uburundi ata basirikare bashika ibihumbi bitanu (5000) bahari kuko bose bari kugwana mu buseruko bwa Congo.
Isesangura ry’aya makuru
- Nta vyemeza ko ababivuga ari abo kwizerwa : Twihweje ibivugwa n’abo biyita abahinga mu vya politique y’akarere bo kuri urwo rubuga dusanga ata cemeza ko bafise ubuhinga bwo gusesangura ivyo mu karere kandi no muvyo bavuga nta bimenyetso batanga.
- Ababivuga bafise uruhande begamiyeko : Barerekana kandi ko bafise aho bahengamiye. Nk’akarorero uwumugirishije ikiganiro na we yumvikana avuga ati: “...ndashigikiye ko akarere k’ubuseruko kaba igihugu cigenga ariko M23.”
- Amakuru avuga ku ngabo z’Uburundi nayo nta shingiro afise: Nta kintu na kimwe cemeza ko mu makambi yo mu Burundi hari abasirikare badashika 5000. Igisirikare c’Uburundi nticigeze gitangaza amakuru nk’ayo kandi n’ibinyamakuru mpuzamakungu vyizewe ntibirigera bitangaza amakuru ku gitigiri c’ingabo Uburundi bufise, iziri hanze n’iziri mu gihugu.
Ico tubona :
Birashoboka ko hoba hari impunzi ziriko ziraza mu Burundi ariko ntawokwemeza ko muri ino misi ya vuba hari Abategetsi mu ntwaro no mu gisirikare vya Congo boba bariko bahungisha imiryango y’abo kubera M23 igira ifate Uvira.
Dusanga :
Ibivugwa muri iyo nkuru ntabimenyetso bifadika bifise. Nta hantu na hamwe hizewe havuye ivyo abo bantu bavuga bikabonekako mbere ko ababikora bashobora kuba bafise izindi ntumbero zo kubesha no guhagarika imitima abantu.
Abumviriza bene ayo makuru aca ku mbuga nyagiro barakwiye gushishoza imbere yo kwizera ijana kw’ijana ibihavugirwa kuko bimwe usanga ari ukubesha abantu.