
Denise Mugugu arongoye ikigo c’abamenyeshamakuru bo mu Burundi yarandikire umushikirizamanza mukuru wa Republika, Valentin Bagorikunda bamumenyesha ko atabubasha bafise bwo gukoresha iyo studio kuko atari iy’ico kigo.
Muri iryo kete yanditse ku wa 12 ruheshi, umupfasoni Mugugu yarashimiye umushikirizamanza mukuru ibijanye n’iyo studio we yibaza ko ari iy’ikigo c’abamenyeshamakuru, ariko aca amumenyesha ko iyo studio ari ubutunzi bw’ishirahamwe ABR, ko ari ryo rero ryonyene rifise ububasha bwo gukoresha uko rishatse iyo studio.
Ku wa 10 ruheshi, Valentin Bagorikunda yari yafashe ingingo yo kwugurura iyo studio yugawe kuva 27 rusama, ariko aca yemerera amaradiyo amwe amwe yegereye ubutegetsi kuyikoresha, mu gihe ayandi nayo ariyo: Bonesha, RPA, Isanganiro, Télé-Renaissance na Humuriza FM yayankiye uruhusha rwo gukoresha iyo studio.

