Uburundi, Afrika y’Epfo na Congo vyoba bigiye gufatanya mu kurwanya M23? Nta bimenyetso bikwiye vyemeza iyo nkuru

0
370

Ivyo bihugu uko ari bitatu biri mu bishirwa mu majwi biciye mu nkuru ivugwa n’uwukoresha imbuga nyagiro mu gutanga amakuru azwi kw’izina rya Gentil Gédéon Ntirenganya ava mu gihugu c’Urwanda akabicisha ku rubuga rwiwe rwa Gentil Gédéon Official GGO.

Muri iyo nkuru, Gédéon yemeza ko inyuma yo gutsindwa na M23, umurwi w’ingabo wari ujejwe gufasha Congo kugarukana amahoro mu buseruko bwa Congo SAMIDRC warimwo n’igihugu ca Afrika y’Epfo, iki gihugu ngo nticakiriye uku gutsindwa na M23, ubu kikaba kiriko kizana abasirikare baco n’ibigwanisho mu buseruko bw’igihugu ca Congo.

Intumbero ngo niyo gutera uwo umuhari umaze kwigarurira n’uduce tumwe tumwe mu Buseruko bwa Congo harimwo ibisagara vya Goma na Bukavu.

Aravuga kandi ko mu gutera uwo muhari wa M23 ivyo bihugu uko ari bitatu bizokwifashisha Wazalendo, umuhari w’urwaruka ushigikira Leta mu kugwanya izo nyeshamba hamwe n’ingabo za Congo FARDC.

Isesengura ryakozwe rishingiye ku bimenyetso bifadika (fact-checking)

Twifashishije imbuga zikoreshwa n’ibisirikare vy’ivyo bihugu mu kumenyesha amakuru :

  • fdnb.gov.bi (ku Burundi),
  • Urubuga rwa South African National Defence Force (SANDF),
  • hamwe n’urubuga rwa FARDC (muri RDC),

Nta rwandiko na rumwe canke itangazo ryerekana ko hari integuro yo gufashanya ibikorwa vya gisirikare vyigeze bitangazwa. Nta na hamwe kandi havugwa uguhura hagati y’abaserukira ingabo z’ivyo bihugu uko ari bitatu kugira bagwanye uwo murwi wa M23 vyabaye mu musi ya vuba.

Ikindi, Uburundi, nta masezerano y’ugufashanya mu vya gisirikare Uburundi busanzwe bufitaniye na Afrika y’Epfo nk’uko bigenda hagati y’ibihugu biri muri SADC, muryango Uburundi butarimwo.

Dusanga:

Ibivugwa mu nkuru ya Gentil Gédéon bifatiye ku makuru atizewe, anashingiye ku bandi bantu nk’umwanditsi Samson Kasujja azwi ku buryo avuga nabi Leta ya Congo, agashigikira umugwi M23, umurongo wa Reta y’Urwanda hamwe n’abasangiye ivyiyumviro nawe.

Iyo nkuru ntishimikira ku bimenyetso bifatika. Nta rwandiko ruvuye mu nzego zemewe ruyemeza, kandi ibivugwa vyerekana ko bishobora kuba vyuzuyemwo vyo gushigikira uruhande rumwe mu ziri mu Buseruko bwa Congo.

Abasomyi barahamagariwe kudafata nk’ukuri amakuru atanditse n’inzego zemewe, bakihweza amasoko y’amakuru yizewe kandi atagira aho ahengamiye.

LAISSER UN COMMENTAIRE

S'il vous plaît entrez votre commentaire!
S'il vous plaît entrez votre nom ici