Mu gisagara ca Bujumbura, aho Isanganiro yashoboye guca ku mugoroba wo kuri uyu wa 7 ruheshi 2021, amatara ari ku mabarabara ntiyaka, bigatuma haba umwijima kuri ayo mabarabara. Abanyagihugu, bavuga ko abasuma n’inkozi z’ikibi bikika mu kiza bagategera abantu bakabakorera ikibi.